Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Babazana imbere y’abacamanza b’Abaroma, bavuga bati: “Aba bantu ni Abayuda, kandi bariko baragumura igisagara,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 babashīra abacamanza, bat’ Aba bantu bahagarika imitima y’abo mu gisagara cacu, kand’ ar’ Abayuda;

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:20
14 Referans Kwoze  

Yemwe basambanyi! Ntimuzi ko gukunda ivy’isi ari ukuba umwansi w’Imana? Uwuhisemwo gucudika n’isi aba abaye umwansi w’Imana.


Ntimukigane inyifato n’imigenzo y’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.


Ariko twashaka kukwiyumvira utubwire ivyo wizera, kuko turazi ko ahantu hose bavuga nabi uwo mugwi w’idini urimwo.”


Babonye ko ari Umuyuda, baca badugiriza urwamo rimwe bamara nk’amasaha abiri bavuga bati: “Arutemi, imana y’Abanyefeso, irahambaye!”


Aho hari Umuyuda yitwa Akwilasi, imvukira y’i Ponto, yari aheruka kuva mu Butaliyano ari kumwe n’umugore wiwe Pirisila, kuko Kayisari Kilawudiyo yari yategetse ko Abayuda bose birukanwa i Roma. Maze Pawulo aca aja kubarondera.


Umwami Herode yumvise iyo nkuru yaciye abura amahoro, hamwe n’ab’i Yerusalemu bose.


Maze ba shebuja babonye ko bagiye guhomba amahera yahora abacira, bafata Pawulo na Silasi, babajana imbere y’abatware, mu kibanza gikoraniramwo abantu benshi.


bigisha imigenzo twebwe Abaroma tutemerewe gukurikiza.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite