Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Pawulo amaze kwerekwa ivyo, duca turitegura ubwo nyene tuja i Makedoniya, kuko twari dutahuye neza ko Imana iduhamagariye kuja kuvugayo Ubutumwa Bwiza.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Amaze kurota izo nzozi, duca turondera ingene tuja i Makedoniya, kuko tumenye yukw Imana iduhamagariye kubabgira ubutumwa bgiza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:10
14 Referans Kwoze  

N’aho nyene babandanije bahavuga Ubutumwa Bwiza.


Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari.


Maze ga mwami, nko kw’isaha ya gatandatu y’umurango, ndi mu nzira ngenda, mbona umuco mwinshi uva mw’ijuru, uruta uw’izuba, uturasira impande zose twe n’abo twari kumwe.


Ni co gituma igihe mwantumako nemeye kuza ntahigimanze. Nagomba rero kubaza icatumye muntumako.”


I Damasiko hari umwigishwa wa Yesu yitwa Ananiya. Maze Umwami Yesu amwiyereka mu nzozi, aramuhamagara ati: “Ananiya!” Na we arishura ati: “Sabwe Mwami!”


Mw’ijoro, Pawulo arerekwa abona umuntu w’i Makedoniya ahagaze amubwira ati: “Turakwinginze uze i Makedoniya udutabare.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite