Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:40 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Pawulo ahitamwo kujana na Silasi, bamaze gusengerwa n’abizera bakabaragiza ubuntu bw’Umwami Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Paulo na we atoranya Sila, avayo, bene Data bamaze kumuragiza ubuntu bg’Umwami Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:40
14 Referans Kwoze  

Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero, bari kumwe n’ishengero ryose, baca batora bamwe mu banyeshengero, babarungika i Antiyokiya baherekeje Pawulo na Baranaba. Nuko batoranya Yuda ari we Barusaba, na Silasi, bari abarongozi mu bandi bizera.


Bavuye muri Ataliya, baciye bafata ubwato basubira muri Antiyokiya ho muri Siriya, aho bari basengewe ng’Ubuntu bw’Imana buzobane na bo ku bw’ico gikorwa bari barangije.


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bwakorera muri jewe.


Abo turi kumwe hano bose barakuramutsa. Udutahirize abadukunda bose mu kwizera. Ubuntu bubane namwe.


Umwami Imana abane n’impwemu yawe. Ubuntu bubane namwe mwese.


Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, urukundo rw’Imana n’ukunywana na Mpwemu Yera bibane namwe mwese.


Ubu rero ndabaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bwayo, ryo rishobora kubakomeza mu kwizera no kubaha kuragwa ivyiza hamwe n’abera.


Yuda na Silasi, bari basanzwe ari abavugishwa n’Imana, bongera bababwira amajambo menshi yo kubatera intege no kubakomeza.


Bahejeje kwisonzesha no gusenga, baca babarambikako ibiganza, barabarungika.


Maze ba shebuja babonye ko bagiye guhomba amahera yahora abacira, bafata Pawulo na Silasi, babajana imbere y’abatware, mu kibanza gikoraniramwo abantu benshi.


Bamwe mu Bayuda banyurwa n’izo nyigisho, baca bifatanya na Pawulo na Silasi, co kimwe n’igitigiri kinini c’Abagiriki bubaha Imana, hamwe n’abagore b’abanyacubahiro batari bake.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite