Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:39 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Nuko haba ukutumvikana gukomeye, bituma batandukana. Baranaba ajana na Mariko, bafata ubwato baja i Kupuro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Havyuka imitongano ibatera gutandukana, Barunaba ajana Mariko, avudukayo ari mu bgato, afata i Kupuro;

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:39
15 Referans Kwoze  

Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)


Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.


Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zita Baranaba (risobanura ngo Umuntu yirura),


Ariko bamwe muri bo, abava i Kupuro n’i Kurene, baja muri Antiyokiya, batangura kwigisha n’Abagiriki na bo, bababwira Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu Kristo.


Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi.


Tuvuye aho, duca tugendera hafi y’izinga rya Kupuro kugira ngo twikingire umuyaga kuko wari uduturutse imbere.


Maze Pawulo na Barunaba binjira mu bihari bikomeye n’abo bantu. Nuko ishengero rica rirungika Pawulo na Baranaba, baherekejwe n’abandi bizera b’iryo shengero, ngo baduge i Yerusalemu, kugira ngo bashikirize ico kibazo intumwa n’abakuru b’ishengero.


Amaze gutahura ivyo, aca aja i muhira kwa Mariya nyina wa Yohana ari we Mariko, aho abizera benshi bari bakoraniye bariko barasenga.


Baranaba yipfuza ko Yohana Mariko ajana na bo,


Ishengero riri i Babiloni ryatoranijwe n’Imana rirabaramutsa, n’umwana wanje Mariko na we arabaramutsa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite