Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:35 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Ariko Pawulo na Baranaba bagumye muri Antiyokiya, aho bo n’abandi benshi bigishije bongera bavuga Ijambo ry’Umwami Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Kandi Paulo na Barunaba baguma muri Antiyokiya bigisha abantu, bababgira ijambo ry’Umwami Yesu, bafatanije n’abandi benshi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:35
11 Referans Kwoze  

wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, uhambarire abari mu bibi, wongere ubaremeshe mu kwihangana kwinshi no mu kwigisha neza.


Ni we twamamaza, tuburira kandi twigisha umuntu wese mu bwenge bwose, kugira ngo dushikane umuntu wese kuri Kristo, akuze mu buryo bw’impwemu ata co ahajije.


Mw’ishengero ryo muri Antiyokiya hari abavugishwa n’Imana n’abigisha ari bo Baranaba, Simeyoni bita Mwirabure, Lukiyo Umunyakurene, Manayeni yari yakuranye na Herode Antipa, hamwe na Sawuli.


Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.


Yama yigisha ivy’Ubwami bw’Imana n’ivya Yesu Kristo, ashize amanga rwose kandi ata ntambamyi.


Maze baguma aho, babana n’abigishwa igihe kitari gito.


Abasanzaye bagenda barigisha ijambo ry’Imana aho baba bageze hose.


Baranaba na Sawuli baheraheza igikorwa cabo, bagaruka i Yerusalemu, baza bazananye na Yohana, ari we Mariko.


Ca cariho ca Kayisari kibibonye kirizera kuko catangajwe cane n’izo nyigisho zavuga ivy’Umwami Yesu.


Ariko Silasi ahitamwo kugumayo.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite