Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Muze mwirinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, kandi mwirinde ingeso mbi z’ubusambanyi. Nimwavyirinda muzoba mugize neza. Turabasezeye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:29
20 Referans Kwoze  

Ahubwo dukwiye kubandikira, tukabwira ko bokwirinda kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, bakirinda ingeso mbi z’ubusambanyi, kutarya ibikoko vyanizwe, n’amaraso.


Naho ku vyerekeye abanyamahanga bizera, nibakurikize ingingo twarabandikiye mw’ikete: birinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, n’ingeso mbi z’ubusambanyi.”


Ariko ico nkugaya ni uko waretse uwo mugore Yezebeli yiyita umuvugishwa, akazimiza abantu banje, akabajana mu busambanyi no mu kurya ivyaterekerewe ibigirwamana.


Ariko ico nkugaya ni uko hari bamwe muri mwebwe bagikurikira inyigisho za Balamu, uwatumye Balaki kugwisha Abisirayeli mu vyaha, bakarya ivyaterekerewe ibigirwamana bagakora n’ivyaha vy’ubusambanyi.


Imana irashoboye kubazigama ngo ntimurwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.


Bana nkunda, mwirinde ikintu cose cotwara ikibanza c’Imana mu mitima yanyu.


Idini ryemewe kandi ritunganye imbere y’Imana Data wa twese ni ukwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo no kwirinda kwanduzwa n’isi.


Ntuze wihutire kurambika ibiganza ku bantu, kandi ntuze wifatanye n’abakora ivyaha. Wame wejejwe.


Bene Data, ndangije ndabasezera. Murondere ugutunganywa, muterane intege, muhuze umutima n’inama, mubane amahoro, maze Imana y’amahoro n’urukundo izobana namwe.


Kandi igihe nari kumwe namwe ngakena, nta we nigeze ndemera, kuko bene Data baje bava i Makedoniya bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose. Namye nirinda kuremera umuntu n’umwe mu kintu na kimwe, kandi nzokwama ukwo.


Ariko mu kubasezera ababwira ati: “Nzogaruka hanyuma Imana niyabishaka.” Nuko afata ubwato ava muri Efeso,


Hanyuma uwundi na we araza avuga ati: “Mwami, ndagukurikira, ariko reka mbanze ngende nsezere umuryango wanje.”


Numvise ko bagize inama yo kumwica, nca mpitamwo kumubarungikira ubwo nyene, kandi nategetse ko abamwagiriza babazanira ibirego bamurega.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite