Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Kuko Mpwemu Yera vyamubereye vyiza, kandi natwe bitubera vyiza kutabaremereza ikintu na kimwe kirengeye ivyo tubasaba, ari vyo vy’ibi:

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Kuko Mpwemu Yera bimubereye vyiza, natwe n’uko, kutabīkoreza uwundi mutwaro urenze ibi bikwiye:

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:28
14 Referans Kwoze  

Ariko Mpwemu w’ukuri niyaza, azobarongorera mu kuri kwose. Ntazovuga ivyo yigeneye; ahubwo azovuga ivyo yumvise gusa, kandi azobabwira ibigiye kuba.


Kuko umutwaro wanje urahwahutse kandi ivyo ndabikoreza ntibiremereye.”


Ariko mwebwe abasigaye b’i Tuwatira mutifatanije n’izo nyigisho mbi, kandi mutakurikiye ivyo abantu bise amabanga akomeye ya Satani, ‘Nta wundi mutwaro ndabikoreza,


Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.


Nimba muri mwebwe hari uwibwira ko ari umuvugishwa n’Imana canke afise ingabire za Mpwemu Yera, akwiye kwemera ko ivyo ndabandikiye ari ibwirizwa rivuye ku Mwami Imana.


Ariko jewe niyumvira ko yonezerwa gusumba agumye uko yari ari, kandi nanje ndabahaye iyi mpanuro ndongowe na Mpwemu w’Imana.


Ni co gituma mbona tudakwiye kuremera Abanyamahanga bariko bahindukirira Imana.


Imana, yoyo izi imitima y’abantu, yerekanye ko ibemeye mu kubaha Mpwemu Yera, nk’uko yamuduhaye.


Ivyo twebwe turabishingira intahe, kandi na Mpwemu Yera arabishingira intahe, uwo Imana yahaye abamwumvira.”


Ni co gituma uwanse kugendera izi nyigisho ataba yanse umuntu, ariko aba yanse Imana, yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


Ku vyerekeye abatararongorwa, nta bwirizwa nahawe n’Umwami, ariko ndababwira ico niyumvira nk’umuntu w’umwizigirwa yagiriwe ubuntu n’Umwami.


Ni co gituma twumvikanye gutoranyamwo abo dutuma, bazananye na bene Data dukunda cane, ari bo Baranaba na Pawulo,


Bafata imitwaro iremereye y’amategeko y’idini bakayikoreza abantu ariko bobo ntibanayikozako urutoke.


Mu bisagara bacamwo, bagenda barashikiriza abizera ivyashinzwe n’intumwa n’abakuru b’ishengero b’i Yerusalemu babahimiriza kuvyitondera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite