Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 uwabimenyekanishije uhereye kera cane.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ni k’Uhoraho agize, akora ivyo vyose, yabimenye uhereye ku kuremwa kw’isi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:18
17 Referans Kwoze  

Natoranijwe kugira ngo nsigurire umuntu wese ivy’iryo banga ryari ryarahishijwe n’Imana, Umuremyi wa vyose, kuva mu bihe vya kera.


Kuva isi itararemwa, Imana yari yaramaze kudutoranya muri Kristo, kugira ngo tube abejejwe batagira ico bagawa mu nyonga zayo. Kubera urukundo rwayo,


Imana yari yaramutoranije imbere y’uko isi iremwa, ariko yamuhishuye ubu muri ino misi ya nyuma ku bwanyu.


Ikigeretse kuri ivyo, kubera yuko twafatanijwe na Kristo, twararonse umugabane ku Mana, kuko yadutoranirije muri we kuva kera, kandi igatuma vyose bikorwa nk’uko umugambi wayo uri.


Mu ruvyaro rw’umuntu umwe yakuyemwo amoko yose iyakwiza kw’isi yose. Ni yo yabashiriyeho igihe bazobaho, ibashingira n’imbibe z’aho bazoba.


Ariko birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, bene Data bakundwa n’Imana, kuko muri nk’ivyeze ubwa mbere Imana yatoranirije ngo mukizwe biciye mu gikorwa c’ukweza ca Mpwemu no mu kwizera ukuri.


Uko ni ko ivyo uwavugishwa n’Imana yavuze vyashitse, ngo: “Nzokwugurura akanwa kanje mu migani, mvuge ivyagizwe amabanga kuva isi ikiremwa.”


Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.


Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.


Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite