Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 15:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Simoni Petero yadusiguriye ingene kuva mu ntango Imana yitayeho Abanyamahanga kugira ngo ibitoranirizemwo abazokwitirirwa izina ryayo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Simoni yabīgāniye ingen’ Imana yatanguye kugendera abanyamahanga ngw ibarobanuremw’ ubgoko bg’izina ryayo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 15:14
11 Referans Kwoze  

Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:


Imana yangiriye ubuntu biciye muri we, impa kuba intumwa ku bw’icubahiro ciwe, kugira ngo nshobore gushikana Abanyamahanga ku kuyizera no kuyumvira.


Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.


Ku bw’imbabazi nyinshi z’Imana yacu, umuco w’igitondo ugiye kuturasira uvuye mw’ijuru,


“Amashimwe ni ay’Umwami, Imana ya Isirayeli, kuko yaje gutabara no gucungura abantu bayo.


I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite