7 N’aho nyene babandanije bahavuga Ubutumwa Bwiza.
7 bagumayo bavuga ubutumwa bgiza.
Nuko bavuga Ubutumwa Bwiza muri ico gisagara kandi baharonka igitigiri kinini c’abigishwa. Hanyuma baca basubira i Lusitira, muri Ikoniyo no muri Antiyokiya
wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, uhambarire abari mu bibi, wongere ubaremeshe mu kwihangana kwinshi no mu kwigisha neza.
Nk’uko mubizi, twari twabanje kubabarizwa turongera ducokorerwa i Filipi, ariko Imana iduha gushira ubwoba, tubabwira Ubutumwa Bwiza naho twariko turagwanywa bikomeye.
Pawulo amaze kwerekwa ivyo, duca turitegura ubwo nyene tuja i Makedoniya, kuko twari dutahuye neza ko Imana iduhamagariye kuja kuvugayo Ubutumwa Bwiza.
“Mbega bagenzi, ivyo bintu mubikorera iki? Erega turi abantu nka mwebwe! Twabazaniye Ubutumwa Bwiza, bubabwira guhindukira mukava mu bitagira ikimazi, mukaza ku Mana nzima, yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose.
Pawulo yinjira mw’isinagogi nk’uko yari asanzwe abigenza. Amara amasabato itatu akurikirana aharira na bo ku Vyanditswe Vyera,
Nuko abari barasabagiye kubera ihamwa ryari ryatanguranye n’urupfu rwa Sitefano baragenda gushika i Foyinika, i Kupuro n’i Antiyokiya, babwira ijambo ry’Imana Abayuda bonyene.
Abasanzaye bagenda barigisha ijambo ry’Imana aho baba bageze hose.