Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 14:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Intumwa zibimenye, zica zihungira mu bisagara vya Lusitira na Derube biri i Lukawoniya, no mu micungararo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 barabimenya, bahungira i Lusitira n’i Derube, ibisagara vy’i Lukawoniya, no mu gihugu gihereranye na ho:

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 14:6
12 Referans Kwoze  

Urazi uguhamwa n’imibabaro naciyemwo. Urazi ingene nahamwe ndi muri Antiyokiya, Ikoniyo n’i Lusitira. Ariko aho hose Umwami Imana yagiye arankiza.


Nibabahama mu gisagara kimwe, muze muhungire mu kindi. Ndababwira ukuri ko mutazoheza kugendagenda mu bisagara vyose vya Isirayeli Umwana w’Umuntu ataraza.


ariko Sawuli amenya imigambi yabo mibi. Ijoro n’umurango bama bamutegereye ku marembo y’igisagara kugira ngo bamwice.


I Lusitira hari umugabo yama yicaye kuko yari amugaye ibirenge. Yari yavutse amugaye, ntiyari yarigeze atambuka.


Ishengero ribonye ivyo Pawulo akoze, bavuga n’amajwi arenga mu Kinyalukawoniya bati: “Imana zadushwayemwo zambaye imibiri y’abantu!”


Haheze igihe, Pawulo abarira Baranaba ati: “Ingo dusubire mu bisagara twigishijemwo Ijambo ry’Imana, turabe ingene bene Data bifashe.”


ajana na Sopatero mwene Puro w’i Beroya, na Arisitariko na Sekundo b’i Tesalonike, na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, na Tukiko na Tirofimo bo muri Aziya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite