Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 14:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Bashitse muri Antiyokiya, bakoranya ishengero baryiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose, n’ukuntu yugururiye imiryango Abanyamahanga na bo bakizera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Bashitseyo bakoranya ishengero, babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose, n’ingene yugururiye abanyamahanga urugi rwo kwizera.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 14:27
15 Referans Kwoze  

kuko hariho akaryo keza ko gukorera Imana naho hari abangwanya benshi.


Ishengero ryose rica riracereza, bumviriza Pawulo na Baranaba, na bo bababwira ivy’ibitangaza n’utwumiza Imana yabakoresheje mu Banyamahanga.


Kandi natwe mudusengere, kugira ngo Imana itwugururire umuryango wo kuvuga Ubutumwa, tumenyeshe abantu ibanga rya Kristo, iryo mbohewe.


Igihe naja i Tirowa kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo, nasanze Imana yanyugururiyeyo imiryango yo kubikora.


Nuko rero nimwakorana mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, nanje nkabana namwe mu buryo bw’impwemu, ubushobozi bw’Umwami wacu buzoba buri hagati muri twebwe,


Ica mbere, narumvise ko iyo mukoraniye mu rusengero mwicamwo ibice, kandi ndakeka ko birashobora kuba ari vyo.


Yamara rero nta kintu mfise nokwirata kiretse ico Kristo yankoresheje mu majambo no mu bikorwa, kugira ngo nshikane Abanyamahanga ku kwumvira Imana.


Bavyumvise ntibagira ico basubizayo, ahubwo bashima Imana, bavuga bati: “Erega noneho Imana ihaye Abanyamahanga na bo akaryo ko kwihana ivyaha vyabo ngo baronke ubugingo budashira.”


Baramubaza bati: “None vyagenze gute ngo amaso yawe ahumuke?”


Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bwakorera muri jewe.


None rero, abatizera canke abantu badatahura ivyo kuvuga mu ndimi zitamenyekana baje mu makoraniro y’ishengero yanyu, bakumva muvuga mu ndimi zitamenekana, bazokwibaza ko mwasaze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite