Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 14:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 14:22
49 Referans Kwoze  

Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.


Kanatsinda, uwuhisemwo kugira ubuzima bugororotse muri Kristo Yesu azotegerezwa guhamwa.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


Kandi ko turi abana, turi n’abaragwa: turi abaragwa b’Imana, abaraganwa na Kristo. Ariko nimba dushaka gusangira na we ubwiza bwiwe, dutegerezwa gusangira n’umubabaro wiwe na wo.


Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Nuko rero ntukagire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, kandi ntuterwe isoni nanje imbohe yiwe. Ahubwo ku bw’inkomezi wahawe n’Imana, wemere ubabazanywe nanje ku bw’Ubutumwa Bwiza.


Amaze igihe gito muri Antiyokiya, avayo agendera ahantu hatandukanye mu ntara za Galatiya na Furugiya, akomeza abizera bose.


Umuntu wese atikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire ntankwiriye.


Nca ndamwishura nti: “Nyakwubahwa, ni we wobimenya.” Aca avuga ati: “Aba ni abavuye muri rya hamwa rikomeye, bamesuye amakanzu yabo, bayezesha amaraso ya wa Mwagazi.


kandi muzohabwa ikaze ikomeye cane mu bwami budashira bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.


Kandi jewe ubwanje nzomwereka imibabaro yose akwiye gucamwo ku bw’izina ryanje.”


Ni we azobaha gushikama gushika kw’iherezo, kugira ngo muzobe mutagira umugayo ku musi Yesu Kristo azogarukirako.


Aca agendagenda muri Siriya no muri Kilikiya, akomeza amashengero yaho.


Yuda na Silasi, bari basanzwe ari abavugishwa n’Imana, bongera bababwira amajambo menshi yo kubatera intege no kubakomeza.


Mbega Kristo ntiyategerezwa kubabazwa gutyo imbere y’uko yinjira mu bwiza bwiwe?”


Hanyuma Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Umuntu wese agomba kuba umwigishwa wanje, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe, akankurikira.


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


Mwibuke ivyo nababwiye: ‘Umukozi ntaruta shebuja.’ Nimba barampamye, namwe bazobahama. Nimba barakurikije inyigisho zanje, bazokurikiza n’izanyu.


Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.


Imana ikomeze imitima yanyu kugira ngo muzosangwe mutagira agasembwa, muri abera imbere y’Imana yacu ari yo Data wa twese, aho Umwami wacu Yesu azogarukira azananye n’abera biwe. Amen.


Abantu bamaze gutaha, benshi bo mw’isinagogi y’Abayuda hamwe n’abandi bizeye Imana bakurikira Pawulo na Baranaba, na bo bagenda barabahimiriza ngo bagume mu buntu bw’Imana.


Nuko ijambo ry’Imana ribandanya kwamamara, igitigiri c’abigishwa i Yerusalemu kiragwira cane, kandi n’abaherezi benshi b’Abayuda barizera.


atazobishumbushwa incuro ijana muri iki gihe: inzu, abavukanyi, abavyeyi, abana n’amatongo, hamwe no guhamwa. Kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira.


Ijisho ryawe niryatuma ukora icaha, rinogore. Vyokubera vyiza kwinjira mu Bwami bw’Imana ufise ijisho rimwe, hako utererwa muri Gehinomu ufise amaso yompi,


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.


Kandi ndabisubiyemwo: vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana!”


Isi niyabanka, muze mwibuke ko yabanje kunyanka.


Amubonye, aca amujana muri Antiyokiya, bompi bamarana umwaka n’ishengero, bigisha abantu benshi cane. Aho muri Antiyokiya ni ho abigishwa bitiwe ubwa mbere Abakristo.


Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwe umwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya.


Ariko abandi bigishwa bamaze kuza bakegeranira aho yari ari, aca arahaguruka, asubira mu gisagara. Bukeye we na Baranaba baca barahava, baja i Derube.


Maze baguma aho, babana n’abigishwa igihe kitari gito.


Kuko mutagiriwe ubuntu bwo kwizera Kristo gusa, ahubwo mwahawe n’ubwo gushobora kubabazwa ku bwiwe.


Kuko, Imana yabahamagariye gukora ivyiza, mbere no mu gihe ivyo bishobora kubashikana mu mibabaro, nk’uko Kristo na we yababajwe ku bwanyu. Ni we citegererezo canyu kandi mutegerezwa kumwigana.


Mumugwanye mushikamye mu kwizera, kuko muzi yuko bene So benshi bariko baraca mu mibabaro nk’iyo mw’isi yose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite