Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 14:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ariko ntiyigeze ihengeshanya kubiyereka mu vyiza yabakorera: yabaha imvura iva kw’ijuru n’umwimbu mwinshi mu gihe cavyo, ibaha ivyokurya bikwiye, ikuzuza imitima yanyu umunezero.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ariko ntiyabirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahāza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 14:17
35 Referans Kwoze  

Wigishe abafise ubutunzi bw’iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo tubinezerererwe.


Ariko, mukunde abansi banyu, mubagirire neza. Mubagurane mutiteze ko babasubiza, ni ho impera yanyu izoba nini mw’ijuru. Aho muzoba mwerekanye vy’ukuri ko muri abana b’Iyisumbavyose, kuko igirira neza intashima n’abanyakibi.


kugira ngo mumere nk’abana ba Data wo mw’ijuru, kuko atuma izuba ryiwe ryakira ababi n’abeza akagwishiriza imvura abagororotse n’abatagororotse.


Naho Pawulo yari avuze amajambo nk’ayo, intumwa vyarazigoye kubabuza kuzishikanira ibimazi.


Mu ruvyaro rw’umuntu umwe yakuyemwo amoko yose iyakwiza kw’isi yose. Ni yo yabashiriyeho igihe bazobaho, ibashingira n’imbibe z’aho bazoba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite