Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 14:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Mu bihe vyaheze, yaretse amahanga yose ngo yigenze uko yipfuza.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 ni yo yaretse amahanga yose mu bihe vyahise ngo bagendere mu nzira zabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 14:16
10 Referans Kwoze  

Ibihe vy’ubutamenya Imana yaravyihanganiye, ariko ubu ihamagarira abantu aho bari hose kwihana,


Muri kahise mwamaze umwanya munini mukora ivyo abapagani bakunda gukora: ubusambanyi, kwipfuza, kuborerwa, ivy’isoni nke no gusenga ibigirwamana.


Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye, mutagira ivyizigiro kandi mutagira Imana mw’isi.


Kuko banse kumenya Imana, na yo yarabahevye, irabareka ngo bakurikire ivyiyumviro vyabo bipfuye, bakore ibintu batari babereye gukora.


Imana yamutanze kugira ngo abe ikimazi, atange amaraso yiwe abe impongano y’ivyaha vy’uwo wese yemeye kumwizera. Imana yabikoze gutyo kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo, kuko yihanganiye abantu ntiyabahanira ibigabitanyo bakoze muri kahise.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite