Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:50 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

50 Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, hamwe n’abagabo baganza igisagara, batangura guhama Pawulo na Baranaba, babirukana muri iyo ntara.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

50 Arikw Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, n’abakuru bo mur’ ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntāra yabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:50
31 Referans Kwoze  

Urazi uguhamwa n’imibabaro naciyemwo. Urazi ingene nahamwe ndi muri Antiyokiya, Ikoniyo n’i Lusitira. Ariko aho hose Umwami Imana yagiye arankiza.


Maze haca haza Abayuda bari bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo, bosha abari aho bose, batera amabuye Pawulo, bamukwegera inyuma y’igisagara bibwira ko yapfuye.


Ariko Abayuda banse kwizera bagumura abandi Banyamahanga babatera kwanka abizera.


Abayuda babonye ayo masinzi bagira ishari, batangura kuvuga ibinyuranye n’ivyo Pawulo yariko aravuga, banamutuka.


Imisi indwi y’umugenzo wo kwihumanura igira irangire, Abayuda bamwe bo muri Aziya babona Pawulo mu rusengero. Baca bagumura ikoraniro ryose, baramufata.


Maze Abayuda b’i Tesalonike bumvise ko Pawulo ariko yigisha ijambo ry’Imana i Beroya, baca bajayo, bosha abantu gutera imigumuko.


Ndashobora gushinga intahe yuko bafise ishaka ryinshi mu vy’Imana, ariko iryo shaka ryabo ntirihagaze ku bumenyi nyakuri.


Abantu bamaze gutaha, benshi bo mw’isinagogi y’Abayuda hamwe n’abandi bizeye Imana bakurikira Pawulo na Baranaba, na bo bagenda barabahimiriza ngo bagume mu buntu bw’Imana.


Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya.


Maze baca bagumura abantu bose, harimwo n’abashingantahe b’ubwo bwoko n’abigisha b’ivyagezwe, bafata Sitefano, bamutwara imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko.


Kandi hariho Abayuda benshi bubaha Imana bari i Yerusalemu, bari baje bava mu mahanga yo musi y’ijuru.


Maze abo bantu baca binginga Yesu ngo abavire mu ntara.


Nibabahama mu gisagara kimwe, muze muhungire mu kindi. Ndababwira ukuri ko mutazoheza kugendagenda mu bisagara vyose vya Isirayeli Umwana w’Umuntu ataraza.


Yosefu w’i Arimataya ararinda, aja kwa Pilato amusaba ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwubahwa mu bagize inama nkuru y’ubwoko bw’Abayuda kandi yari yiteze ukuza kw’Ubwami bw’Imana.


Maze abantu bo muri ico gisagara bicamwo imigwi, bamwe begamira Abayuda, abandi begamira intumwa.


Mu nyuma, Abayuda n’Abanyamahanga bamwe, bari kumwe n’abatware babo, baja inama yo kugirira nabi intumwa no kuzicisha amabuye.


Umwe mu bariko baratwumviriza yitwa Lidiya, yava i Tuwatira, akaba yari umudandaza w’impuzu z’agaciro kandi yubaha Imana. Nuko Umwami Imana yugurura umutima wiwe, yakira Ubutumwa Pawulo yariko aravuga.


Bamwe mu Bayuda banyurwa n’izo nyigisho, baca bifatanya na Pawulo na Silasi, co kimwe n’igitigiri kinini c’Abagiriki bubaha Imana, hamwe n’abagore b’abanyacubahiro batari bake.


Nuko benshi mu Bayuda barizera, co kimwe n’abagore n’abagabo b’abanyacubahiro b’Abagiriki.


Ivyo vyatumye yama aja mw’isinagogi yaho, agaharira n’Abayuda n’Abagiriki bubaha Imana, kandi imisi yose yama aja mu bibanza abantu bahuriramwo, agahaririraho n’abo ahasanze.


Nuko aca ava mw’isinagogi aja ku nzu yari i ruhande, kwa Titiyo Yusito, umuntu yubaha Imana.


Haheze imisi itatu, Pawulo atumako abarongozi b’Abayuda baho. Bamaze gukorana, Pawulo arababwira ati: “Bavukanyi, naho ata kibi nakoreye ubwoko bwacu canke ngo ndenge ku migenzo ya sogokuruza, ndi i Yerusalemu narafashwe, nshirwa mu minwe y’Abaroma.


nagenze ingendo nyinshi kandi ndende. Nahatswe gutwarwa n’inzuzi, nahatswe kwibwa, nahatswe kwicwa n’ubwoko bwanje, nahatswe kwicwa n’Abanyamahanga, nahatswe kwicirwa mu bisagara, nahatswe kwicirwa mu misozi, nahatswe kugwa mu kiyaga, nahatswe kwicwa n’abigira bene Data.


Bene Data, namwe mwabaye nk’amashengero y’Imana muri Kristo Yesu ari i Yudaya: mwahamwe n’ab’iwanyu nk’uko ayo mashengero na yo yahamwe n’Abayuda,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite