Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Bageze i Salamini bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda, kandi Yohana Mariko yagendana na bo abakorera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Maze bashitse i Salamini, bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda: kandi bāri bafise Yohana agenda arabakorera.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:5
20 Referans Kwoze  

Hanyuma bava i Peruga baja muri Antiyokiya h’i Pisidiya. Ku musi w’Isabato baja mw’isinagogi baricara.


Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.


Pawulo aca yinjira mw’isinagogi, amara amezi atatu yigisha ashize amanga, aharira n’abantu akabemeza ivy’Ubwami bw’Imana.


Ku misi yose y’Isabato Pawulo yama aja mw’isinagogi guharira n’Abayuda n’Abagiriki, akagerageza kwemeza.


Ivyo vyatumye yama aja mw’isinagogi yaho, agaharira n’Abayuda n’Abagiriki bubaha Imana, kandi imisi yose yama aja mu bibanza abantu bahuriramwo, agahaririraho n’abo ahasanze.


Muri Ikoniyo, Pawulo na Barunaba binjira mw’isinagogi nk’uko bahora babigenza. Maze bavuga Ubutumwa Bwiza batarya umunwa, bituma Abayuda n’Abanyamahanga benshi bizera.


Amaze gutahura ivyo, aca aja i muhira kwa Mariya nyina wa Yohana ari we Mariko, aho abizera benshi bari bakoraniye bariko barasenga.


Maze atangura kwigisha mu masinagogi ko Yesu ari Umwana w’Imana.


Luka wenyene ni we turi kumwe. Uzohitane Mariko muzanane, kuko yambereye uw’ikimazi kinini mu gikorwa canje.


Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)


Baranaba yipfuza ko Yohana Mariko ajana na bo,


Baranaba na Sawuli baheraheza igikorwa cabo, bagaruka i Yerusalemu, baza bazananye na Yohana, ari we Mariko.


Ariko muri mwebwe si ko bikwiye kumera. Ahubwo, uwushaka kuba umukuru muri mwebwe, ategerezwa kuba umukozi wanyu,


Aca arungika babiri mu bamufasha ibikorwa, ari bo Timoteyo na Erasito, baja i Makedoniya, na we aca amara ikindi gihe gito muri Aziya.


Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite