Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:46 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:46
37 Referans Kwoze  

Nuko rero nimumenye ko ivy’ako gakiza k’Imana n’Abanyamahanga babishikirijwe, kandi bo bazokakira!” [


Nahereye ku b’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo.


Ndababwire, muzokwakwa Ubwami bw’Imana, buhabwe ayandi mahanga azokwama ivyamwa bikwiranye na bwo.


Igihe Imana yazura umusavyi wayo, yabanje kumutuma kuri mwebwe, kugira ngo umwe wese muri mwebwe ahabwe umugisha mu kuva mu nzira ziwe mbi.”


Ariko abakora ivyiza, bazohabwa ubwiza, icubahiro n’amahoro biva ku Mana; uhereye ku Muyuda ukageza ku Munyamahanga.


Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni, kuko ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Aca arambwira ati: ‘Genda, nzogutuma kure, mu Banyamahanga.’ ”


Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe.


Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.


Mwa ntagondwa mwe, imitima yanyu n’amatwi yanyu ntibirakebwa. Mumeze nka ba sogokuruza banyu: mwama mugarariza Mpwemu Yera.


kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’


Kandi, bivuye ku kubohwa kwanje, bene Data ba hano barashize amanga mu Mwami, bituma bashobora kuvuga Ijambo ry’Imana bashize ubwoba.


Hanyuma bava i Peruga baja muri Antiyokiya h’i Pisidiya. Ku musi w’Isabato baja mw’isinagogi baricara.


Bageze i Salamini bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda, kandi Yohana Mariko yagendana na bo abakorera.


Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.


Mwebwe Abasamariya musenga ico mutazi, ariko twebwe dusenga ico tuzi, kuko agakiza gaturuka mu Bayuda.


Ariko, mugende mu ntama zazimiye za Isirayeli.


bazimya imbeya z’umuriro, kandi bakira kwicishwa inkota. Intege nke zabo zahindutse inkomezi; babaye abahizi ku rugamba bashwiragiza ingabo z’abanyamahanga.


Baramwishura bati: “Azobica rubi hanyuma iryo tongo arizeze abandi barimyi bazohora bamuha umwimbu umwegukira uko iyimbura rigeze.”


Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira.”


Maze atangura kwigisha mu masinagogi ko Yesu ari Umwana w’Imana.


Ariko bamwe bakomantaza imitima banka kwizera, banebagura ku mugaragaro inzira y’Umwami Yesu. Nuko Pawulo aca ava muri iryo sinagogi, agenda ajanye n’abizera, abandanya avuganira mu nyubakwa uwitwa Turano yigishirizamwo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite