Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:38 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 None rero bene Data, turabamenyesha ko ari muri Yesu mumenyesherezwa inkuru yo guharirwa ivyaha.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 Nuko bagabo bene Data, ni mumenye ko mur’ uwo ari ho mubgirirwa ivy’ uguharirwa ivyaha:

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:38
29 Referans Kwoze  

kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’


Ndabandikiye mwebwe bana bato, kuko mwahariwe ivyaha vyanyu ku bw’izina rya Yesu Kristo.


Imana yaramushize hejuru imwicarika i buryo bwayo nk’Umutware n’Umukiza, kugira ngo ahe Abisirayeli ukwihana n’uguharirwa ivyaha vyabo.


Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa, ari kwo guharirwa ivyaha.


Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa biciye mu maraso yiwe, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu, kubera ubuntu bwayo bwinshi!


Nuko rero nimumenye ko ivy’ako gakiza k’Imana n’Abanyamahanga babishikirijwe, kandi bo bazokakira!” [


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Abavugishwa n’Imana bose baramushingira intahe ko uwumwizeye wese azoharirwa ivyaha mw’izina ryiwe.”


Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.


Mu bisanzwe, ivyagezwe vya Mose vyasaba ko ibintu nka vyose vyozwa n’amaraso. Kuko ata guharirwa ivyaha gushobora kubaho, ata maraso asesetse.


Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.


Nuko rero nimumenye neza ibi, mwebwe hamwe n’ubwoko bwose bwa Isirayeli: uwu muntu ahagaze imbere yanyu yakize mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, uwo mwabamvye, ariko Imana ikamuzura mu bapfuye.


Petero aca arahaguruka ari kumwe na bamwe cumi n’umwe, avuga n’ijwi rirenga abwira abari aho ati: “Bayuda benewacu, namwe mwese muri i Yerusalemu, nimuntege amatwi, mutahure neza ibibaye.


Ariko Yesu, Umuherezi Mukuru wacu, yahawe igikorwa kiruta cane ic’abandi baherezi, kuko ni we muhuza wacu mw’isezerano riruta ayandi, ryubakiye ku masezerano aruta ayandi.


Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite