Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:36 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Dawidi amaze gukora ivyo Imana igomba mu gihe ciwe, yarasinziriye, ahambwa hamwe na ba sekuruza, umubiri wiwe urabora.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivy’ Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:36
33 Referans Kwoze  

Bene Data, ndashobora kubabwira ntakekeranya ko sogokuruza wacu Dawidi yapfuye agahambwa, kandi n’imva yiwe iracari hano gushika uwu musi.


Imaze gukura Sawuli, yimitse Dawidi ngo abe umwami wabo. Yamushingiye intahe iti: ‘Nironkeye Dawidi mwene Isayi, umuntu ahuye n’uko umutima wanje ugomba, azoshitsa ivyo ngomba vyose.’


N’abapfiriye muri Kristo ntibazosubira kubaho.


Inyuma yaho yiyerekera rimwe bene Data barenga amajana atanu, kandi n’aho benshi muri bo bamaze gupfa, bamwe muri bo baracariho.


Yesu arababwira ati: “Nimukureho ico kibuye.” Ariko Marita, mushiki w’uwapfuye aramubwira ati: “Mwami, honuka cane kuko amazeyo imisi ine!”


Bene Data, turashaka ko mumenya ibizoba ku basinziriye itiro ry’urupfu (abitavye Imana), kugira ntimwicwe n’umubabaro nk’abadafise ivyizigiro.


Kuko ata na kimwe mu vyo Imana yashaka ko mumenya vyose ntababwiye.


Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.


Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya.


Wa mukozi yaronka italanto zitanu z’amahera, aragenda arazicururisha yunguka izindi zitanu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite