Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Bamaze gushitsa ivyanditswe kuri we vyose, bamumanuye ku musaraba bamushira mu mva.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Bamaze gushitsa ivyo yandikiwe vyose, bamumanura ku giti, bamushira mu mva.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:29
16 Referans Kwoze  

Hanyuma akimanura ku musaraba, akizingira mu gitambara cera, aca agishira mu mva nshasha yimbwe mu gitandara, itari bwigere ihambwamwo umuntu na rimwe.


Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: “Birarangiye.” Nuko ajondamika umutwe aracikana.


Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.”


ko yahambwe hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu nk’uko Ivyanditswe bibivuga,


Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu mu bapfuye, uwo mwari mwishe mumubamvye ku musaraba.


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Ababa i Yerusalemu n’abatware babo ntibamenye Yesu, ariko baramutsindishije, baba bashikije amajambo y’abavugishwa n’Imana yama asomwa ku musi w’Isabato.


Bashikije ico wari waramaze kugena ko kizoshika, mu bushobozi bwawe no mu gushaka kwawe.


Uwo Yesu yatanzwe mu maboko yanyu ku bw’umugambi Imana yari yatareguye kuva kera, maze namwe mufashijwe n’abanyakibi n’abanyamahanga, mumwica mumubamvye ku musaraba.


Uwo musi wari uwo kwitegurira Isabato, ni ukuvuga buca haba Isabato. Nuko hageze ku mugoroba,


Hari umugabo yitwa Yosefu, yari mu bagize inama nkuru y’abatwara ubwoko bw’Abayuda, akaba yari umuntu mwiza kandi w’intungane.


Ariko Imana yagumye indinda gushika uwu musi. None mpagaze ngaha nshingira intahe abakuru n’abato. Nta co ndiko ndavuga kirengeye ivyo abavugishwa n’Imana na Mose bavuze ko bizoshika,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite