Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Bagabo bene Data, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry’ako gakiza ni twebge ryatumweko.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:26
28 Referans Kwoze  

Ukwo kwizera n’urwo rukundo vyubakiye ku kwizigira ivyo Imana ibabikiye mw’ijuru. Ivyo vyizigiro na vyo mwabikuye mw’ijambo ry’ukuri mwumvise, ari ryo Butumwa Bwiza.


Kandi namwe abanyamahanga mwarumvise Ubutumwa bw’ukuri, bwatumye Imana ibakiza, hanyuma mumaze kwizera Kristo, yabashizeko ikimenyetso cerekana ko muri abiwe mu kubaha Mpwemu Yera, uwo yari yarasezeranye kuva kera.


Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni, kuko ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Uzokwigisha abantu biwe inzira y’agakiza kava mu guharirwa ivyaha vyabo.


Iduhagurukirije Umukiza ahambaye mu nzu ya Dawidi, umusavyi wayo


Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.


Abantu bamaze gutaha, benshi bo mw’isinagogi y’Abayuda hamwe n’abandi bizeye Imana bakurikira Pawulo na Baranaba, na bo bagenda barabahimiriza ngo bagume mu buntu bw’Imana.


ariko ko mu mahanga yose umuntu wese ayubaha agakora ibigororotse imwemera.


Maze arababwira ati: “Nimugende muhagarare mu rusengero, mubwire abantu ubutumwa bwuzuye bw’ivy’ubu bugingo bushasha.”


Nta wundi agakiza karonkerwamwo, kuko ata rindi zina twahawe musi y’ijuru ryo gukirizwamwo.”


kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’


Ariko, mugende mu ntama zazimiye za Isirayeli.


mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu’, kuko ndababwira ko no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.


Maze wa mukobwa akurikira Pawulo n’abo twari kumwe bose, asemerera ati: “Aba bantu ni abakozi b’Imana Musumbavyose, baje kubabwira inzira ibashikana ku gakiza.”


Igihe Imana yazura umusavyi wayo, yabanje kumutuma kuri mwebwe, kugira ngo umwe wese muri mwebwe ahabwe umugisha mu kuva mu nzira ziwe mbi.”


Nuko rero nimumenye ko ivy’ako gakiza k’Imana n’Abanyamahanga babishikirijwe, kandi bo bazokakira!” [


Simoni Petero aramwishura ati: “Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira!


We n’umuryango wiwe bari bariyeguriye kwubaha Imana. Yaratanga ivyiwe abifashisha aboro, kandi agasenga cane yamizako.


Ivyo umuherezi mukuru n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda bose bashobora kubishingira intahe. Mbere ni na bo bampaye amakete nshira Abayuda benewacu b’i Damasiko, maze njayo gufata abizera baho ngo ndabazane i Yerusalemu ari imbohe, kugira ngo bahanwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite