Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Hanyuma bava i Peruga baja muri Antiyokiya h’i Pisidiya. Ku musi w’Isabato baja mw’isinagogi baricara.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ariko bo bavuduka i Peruga, bararamiriza, bashika muri Antiyokiya h’i Pisidiya; ku musi w’isabato binjira mw isinagogi, baricara.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:14
13 Referans Kwoze  

Ku musi w’Isabato, turasohoka tuja inyuma y’igisagara ku ruzi, twibaza ko dushobora kuronka ahantu ho gusengera. Nuko turicara dutangura kuyaga n’abagore bari bahakoraniye.


Pawulo yinjira mw’isinagogi nk’uko yari asanzwe abigenza. Amara amasabato itatu akurikirana aharira na bo ku Vyanditswe Vyera,


Maze haca haza Abayuda bari bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo, bosha abari aho bose, batera amabuye Pawulo, bamukwegera inyuma y’igisagara bibwira ko yapfuye.


Bageze i Salamini bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda, kandi Yohana Mariko yagendana na bo abakorera.


Ku misi yose y’Isabato Pawulo yama aja mw’isinagogi guharira n’Abayuda n’Abagiriki, akagerageza kwemeza.


Pawulo aca yinjira mw’isinagogi, amara amezi atatu yigisha ashize amanga, aharira n’abantu akabemeza ivy’Ubwami bw’Imana.


Ku musi w’Isabato ukurikira, igisagara nka cose cari cakoranye ngo bumvirize ijambo ry’Umwami Imana.


Mu gihe Pawulo na Barunaba bariko barasohoka bava mw’isinagogi, abantu barabinginga ngo azogaruke ku musi w’Isabato ikurikira kugira ngo bashishikare kwigisha kuri ayo majambo.


Maze atangura kwigisha mu masinagogi ko Yesu ari Umwana w’Imana.


Umusi umwe, Yesu aja i Nazareti aho yakuriye. Ku musi w’Isabato, yinjira mw’isinagogi nk’uko yari amenyereye, maze ahaguruka ngo asome Ivyanditswe.


Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.


Urazi uguhamwa n’imibabaro naciyemwo. Urazi ingene nahamwe ndi muri Antiyokiya, Ikoniyo n’i Lusitira. Ariko aho hose Umwami Imana yagiye arankiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite