Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Bavuye i Pafo, Pawulo n’abo bari kumwe baca bafata ubwato baja i Pamfiliya ahitwa Peruga, Yohana Mariko aca abasigaho asubira i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Maze Paulo n’abāri kumwe na we bavuduka i Pafo bari mu bgato, bafata i Peruga h’i Pamfiliya: Yohana abasigayo, asubira i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:13
10 Referans Kwoze  

ariko Pawulo we abona ko bitabereye ko bojana kuko yigeze kubata i Pamfiliya, ntiyabandanyana na bo mu gikorwa.


Tumaze kurengana akarere kari hagati ya Kilikiya na Pamfiliya, duca twururukira i Mura muri Lukiya.


Amaze gutahura ivyo, aca aja i muhira kwa Mariya nyina wa Yohana ari we Mariko, aho abizera benshi bari bakoraniye bariko barasenga.


i Furugiya, i Pamfiliya, muri Egiputa no mu gice ca Libiya cegereye Kurene, n’abavuye i Roma


Luka wenyene ni we turi kumwe. Uzohitane Mariko muzanane, kuko yambereye uw’ikimazi kinini mu gikorwa canje.


Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)


Akayaga gakeya gaturuka mu bumanuko gahuhuse, baca bibaza ko urugendo ruja kugenda neza. Baca batangura gusoza bagendera hafi y’izinga rya Kirete.


Haheze igihe, Pawulo abarira Baranaba ati: “Ingo dusubire mu bisagara twigishijemwo Ijambo ry’Imana, turabe ingene bene Data bifashe.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite