Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Noneho rero Imana ibanguye ukuboko ngo iguhane. Ugiye guhuma, kandi kuva ubu ntuzosubira kubona umuco w’izuba.” Ubwo nyene amaso yiwe yuzura umwijima, buramwirira, atangura kujuragirika mu mpande zose arondera uwomufata ukuboko.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nuko rāba, ukuboko kw’Umwami Imana kuraguhanamiye, ugira uhume, umare imisi utabona izuba. Ako kanya igipfungu n’umwiza bimwubikizako, agenda azimagirika arondera uwo kumufata ukuboko.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:11
18 Referans Kwoze  

Ni ikintu giteye ubwoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.


Abo bantu bameze nk’amasoko yakamye n’ibicu bikubebwa n’umuyaga. Kandi babikiwe umwijima w’umuzitanya.


Yesu aca aravuga ati: “Naje muri iyi si guca urubanza, kugira ngo impumyi zihumuke, maze abibaza ko babona na bo ndabereke ko ari impumyi.”


Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.


Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite