Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 13:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 amubwira ati: “Uri umwana wa wa mubi, umwansi w’ivyiza vyose! Uzogeza ryari kubuza abantu kugororokera Umwami?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 ati Wewe wuzuye ubugunge bgose n’ububi bgose, wa mwana w’Umurwanizi we, wa mwansi w’ivyo kugororoka vyose, ntuzoreka kugoreka inzira z’Umwami Imana zigororotse?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 13:10
23 Referans Kwoze  

Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


kandi mu vy’ukuri ata bundi Butumwa Bwiza buhari. Biragaragara ko hariho abantu babatera kuzazanirwa mu kugoramika Ubutumwa Bwiza bwa Kristo.


Ariko ndatinya ko nk’uko Eva yahenzwe n’ubugunge bw’inzoka, namwe Satani ashobora kuzimiza ubwenge bwanyu mukava mu kwiha Kristo gutunganye kwanyu.


Umurima ni iyi isi, imbuto nziza ni abana b’Ubwami. Urwamfu ni abana ba wa mubi.


Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe kuko mwatwaye urupfunguruzo rwo kumenya Imana. Mwebwe ubwanyu ntimwinjiye mu Bwami, ahubwo mwabujije n’abashaka kwinjira.”


Barahevye inzira igororotse barazimira bakurikira inzira ya Balamu mwene Beyori, yakunze ingero mbi.


No muri mwebwe nyene hari abazokwadukana inyigisho zo kugoramika ukuri kugira ngo bikwegereko abigishwa.


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


Kuko mu mutima ari ho hava ivyiyumviro bibi: ubwicanyi, ubusambanyi, ivy’isoni nke, ubusuma, kubeshera abandi no kuvuga abandi nabi.


Ariko abonye ko Abafarisayo n’Abasadukayo benshi baje aho ari ngo ababatize, arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza?


Nuko Yohana yishura akoresheje amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya ati: “Ndi ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimugororere Uhoraho inzira.’”


Maze Umwami Yesu aca amubwira ati: “Mwebwe Abafarisayo mwitwararika cane kwoza inyuma h’igikombe n’ah’isahani, ariko mwuzuye ubukunzi bw’inda n’ubugizi bwa nabi.


Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite