Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Maze Petero aca aramukurikira barasohoka, ariko ntiyari azi ko ivyo uwo mumarayika ariko arakora vyari ivy’ukuri. Yiyumvira ko yariko arerekwa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Arasohoka, aramukurikira, yamara ntiyamenya ivyo umumarayika akoze kw ar’ ivy’ ukuri, arikw agira ngw abonye ivyo yeretswe nko mu nzozi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:9
12 Referans Kwoze  

Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana igihe yamuhamagara ngo ave mu gihugu ciwe aje mu kindi yari igiye kumuha ngo kibe iciwe. Yavuye mu gihugu ciwe atazi iyo agiye.


None rero Mwami Agiripa, numviye ivyo neretswe bivuye mw’ijuru.


Umusi umwe, hari nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, yerekwa abona mu buryo bugarara umumarayika w’Imana yinjiye aho ari, akavuga ati: “Koruneliyo!”


“Nari i Yopa ndiko ndasenga, hanyuma mera nk’uwutwawe n’agatiro, nca ntangura kwerekwa. Mbona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururuka kiva mw’ijuru gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine, gishika aho nari ndi.


Petero akiriko ariyumvira insobanuro y’ivyo yeretswe, ba bantu bavuye kwa Koruneliyo baba barashitse kuri ya nzu ya Simoni, bahagarara kw’irembo.


I Damasiko hari umwigishwa wa Yesu yitwa Ananiya. Maze Umwami Yesu amwiyereka mu nzozi, aramuhamagara ati: “Ananiya!” Na we arishura ati: “Sabwe Mwami!”


Ariko Mariya abwira abakozi ati: “Ico ababwira cose mugikore.”


Wa mumarayika aca abarira Petero ati: “Ambara impuzu n’ibirato vyawe.” Nuko Petero aravyambara. Wa mumarayika arasubira ati: “Ambara umutamana wawe, unkurikire.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite