Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nuko Petero ashirwa mw’ibohero, ariko ishengero riguma risenga Imana n’umwete mwinshi ku bwiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nuko Petero arindirwa mw ibohero: arikw ab’ishengero baramusengera, batakambira Imana bakobeje.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:5
12 Referans Kwoze  

Iyo hagize igihimba kimwe kigwara, ibindi vyose bigwarana na co. Kandi iyo igihimba kimwe cubashwe, ibindi vyose binezeranwa na co.


Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.


Kandi namwe muzodushigikira mu masengesho, kugira ngo benshi bashime Imana ku bwacu, ku ngabire y’ubuntu yatugiriye mu kwishura amasengesho ya benshi.


Kandi, ndababwira ukuri ko babiri muri mwebwe nibahuriza inama kw’isi gusaba ikintu ico ari co cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera.


Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.


Amaze gutahura ivyo, aca aja i muhira kwa Mariya nyina wa Yohana ari we Mariko, aho abizera benshi bari bakoraniye bariko barasenga.


Yesu aca abacira umugani, kugira ngo abereke ko bakwiye kwama basenga, ntibadendebukirwe.


Amaze kumufata, amushira mw’ibohero amuha imigwi ine y’abasoda bane bane bakuranwa kumurinda. Herode yagomba kuzomucira urubanza ku mugaragaro inyuma ya Pasika.


Buca Herode amucira urubanza, Petero yari asinziriye, aryamye hagati y’abasoda babiri, abohesheje iminyororo ibiri. Abandi basoda bari baraririye ku muryango w’ibohero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite