Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Herode Agiripa amaze kumurondeza hose bakamubura, aca agira itohoza mu basoda, aca ategeka ko babica. Maze Herode aca ava i Yudaya yigira i Kayisariya, amarayo igihe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Herode amurondeye amubuze, acunaguza abateramyi, avuga ko babajana kubica: maz’ ava i Yudaya amanuka i Kayisariya, agumayo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:19
19 Referans Kwoze  

Umurinzi w’ibohero yikanguye asanga imiryango yose iruguruye, maze asokorora inkota ngo yiyice kuko yibaza ko imbohe zatorotse.


Bukeye turabandanya dushika i Kayisariya, dushikira kwa Filipo umuvugabutumwa, umwe muri bamwe ndwi batoranywa i Yerusalemu ngo bakore igikorwa co kugaburira imfungurwa abapfakazi.


Buca Herode amucira urubanza, Petero yari asinziriye, aryamye hagati y’abasoda babiri, abohesheje iminyororo ibiri. Abandi basoda bari baraririye ku muryango w’ibohero.


Amaze kumufata, amushira mw’ibohero amuha imigwi ine y’abasoda bane bane bakuranwa kumurinda. Herode yagomba kuzomucira urubanza ku mugaragaro inyuma ya Pasika.


Filipo aca asubira kubonekera muri Azoto, ahaca avuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vyose gushika ashitse i Kayisariya.


Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na Yosefu mu nzozi amubwira ati: “Fata umwana na nyina ubahungishirize muri Egiputa; uzogumeyo kugeza aho nzokubwirira kugaruka, kuko Herode ariko arondera umwana ngo amwice.”


Abasoda baca baja inama yo kwica imbohe zose kugira ngo ntihagire izoga ngo zihunge zibacike.


Haheze imisi mike umwami Agiripa ashika i Kayisariya ari kumwe na Berenise baje gukeza Fesito.


Herode abonye ko ba banyabwenge mu vy’inyenyeri mu buseruko bamuhenze, arashavura cane, aca arungika abasoda kwica abana bose b’i Betelehemu no mu micungararo yaho, bafise imyaka ibiri n’abatarayikwiza akurikije igihe yabonaniye na ba banyabwenge.


Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu ntara ya Yudaya, ku ngoma y’umwami Herode, abanyabwenge mu vy’inyenyeri bavuye mu buseruko baja i Yerusalemu.


Bukeye, haba uruhagarara hagati y’abasoda, bibaza ivyashikiye Petero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite