Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 12:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Amaze gutahura ivyo, aca aja i muhira kwa Mariya nyina wa Yohana ari we Mariko, aho abizera benshi bari bakoraniye bariko barasenga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Amaze kuvyiyumvira, aja kwa Mariya, nyina wa Yohana ari we Mariko, aho bāri bakoraniye benshi, bariko barasenga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 12:12
14 Referans Kwoze  

Nuko Petero ashirwa mw’ibohero, ariko ishengero riguma risenga Imana n’umwete mwinshi ku bwiwe.


Mariko, Arisitariko, Dema na Luka, abo dusangiye ibikorwa, na bo nyene barabatasha.


Bageze i Salamini bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda, kandi Yohana Mariko yagendana na bo abakorera.


Baranaba na Sawuli baheraheza igikorwa cabo, bagaruka i Yerusalemu, baza bazananye na Yohana, ari we Mariko.


Luka wenyene ni we turi kumwe. Uzohitane Mariko muzanane, kuko yambereye uw’ikimazi kinini mu gikorwa canje.


Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)


Bavuye i Pafo, Pawulo n’abo bari kumwe baca bafata ubwato baja i Pamfiliya ahitwa Peruga, Yohana Mariko aca abasigaho asubira i Yerusalemu.


Pawulo na Silasi bavuye muri iryo bohero baca baja kwa Lidiya, babonana n’abandi bene Data, babatera intege mu kwizera, baca baragenda.


Petero na Yohana bamaze kurekurwa baca basubira aho bagenzi babo bari, babiganira ivyo abakuru b’abaherezi n’abashingantahe bababwiye.


Ishengero riri i Babiloni ryatoranijwe n’Imana rirabaramutsa, n’umwana wanje Mariko na we arabaramutsa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite