Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 11:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwe umwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Maz’ abigishwa, umuntu wese nk’ukw atunze, bashinga kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 11:29
27 Referans Kwoze  

Ico batwihanikirije kwari uko twokwibuka kwitwararika abakene, kandi ico nanje nkaba namye ndagifitiye ishaka kuva kera.


Ruriyoroheje, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi.


Amubonye, aca amujana muri Antiyokiya, bompi bamarana umwaka n’ishengero, bigisha abantu benshi cane. Aho muri Antiyokiya ni ho abigishwa bitiwe ubwa mbere Abakristo.


Intumwa n’abandi bizera b’i Yudaya bumva ko Abanyamahanga na bo bakiriye ijambo ry’Imana.


Nta n’umwe yagira ico akeheje muri bo, kuko abari bafise amatongo canke amazu, babigurisha bakazana amahera vyaguzwe,


Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe.


Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abizera (bashika nk’ijana na mirongo ibiri),


Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi.


Ahejeje gufungura, udutege turagaruka. Nuko Sawuli amarana imisi n’abigishwa i Damasiko.


Ariko abigishwa biwe bahengera ari mw’ijoro, bamushira mu giseke, bamucisha mw’idirisha ry’uruzitiro, baramwururutsa.


Kandi abigishwa bo muri Antiyokiya bari bafise umunezero mwishi, buzuye Mpwemu Yera.


Ariko abandi bigishwa bamaze kuza bakegeranira aho yari ari, aca arahaguruka, asubira mu gisagara. Bukeye we na Baranaba baca barahava, baja i Derube.


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi.


N’uwahawe zibiri aragenda abigira gutyo nyene, yunguka izindi zibiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite