Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 11:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Ikiganza c’Umwami Imana cari kuri bo, bituma abantu benshi bizera, bahindukirira Umwami Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Ukuboko kw’Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 11:21
19 Referans Kwoze  

Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.


Abavyumva bose vyabatera kwibaza mu mitima bati: “None uwo mwana azoba umuntu ki?” Kuko ubushobozi bw’Umwami Imana bwari kuri we.


kuko Ubutumwa Bwiza twabazaniye atari amajambo gusa, ariko bwarimwo ubushobozi, kuko Mpwemu Yera yabahaye ukwemezwa mu mitima ko ivyo twababwira kwari ukuri. Kandi murazi ingene twigenza muri mwebwe ku bwanyu.


Ababa i Luda n’i Sharoni bose bamubonye agendagenda, barihana bizera Umwami Yesu.


Kubera ko Barunaba yari umugwaneza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera, igitigiri kinini c’abantu barizeye Umwami Yesu.


Nuko ijambo ry’Imana ribandanya kwamamara, igitigiri c’abigishwa i Yerusalemu kiragwira cane, kandi n’abaherezi benshi b’Abayuda barizera.


Ariko abantu benshi, abagabo n’abagore barizera Umwami, igitigiri cabo cama congerekana.


Ariko benshi mu bumvise ubutumwa barizeye, igitigiri c’abizera kirongerekana gushika hafi ibihumbi bitanu.


Ni co gituma mbona tudakwiye kuremera Abanyamahanga bariko bahindukirira Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite