2 Petero asubiye i Yerusalemu, abizera bakebwe ari bo Bayuda baramunegura,
2 Maze Petero adūze i Yerusalemu, abo mu bākebge baramutonganya,
Abizera bari barakebwe bari bazananye na Petero batangazwa cane n’uko ingabire ya Mpwemu Yera yasutswe no ku Banyamahanga na bo,
Ariko bamwe mu bizera bahora ku ruhande rw’Abafarisayo barahaguruka, bavuga bati: “Abanyamahanga bategerezwa gukebwa no gukurikiza ivyagezwe vya Mose.”
Hari abantu bavuye i Yudaya baja muri Antiyokiya, bigisha abizera bati: “Mudakebwe nk’uko imigenzo twigishijwe na Mose ibitegeka, ntimushobora gukizwa.”
Bukeye, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ba bantu bakiri mu nzira bagira bashike i Yopa, Petero aduga ku gisenge c’inzu gusenga.
Yesu yitwa Yusito, na we nyene arabaramutsa. Abo ni bo bonyene bo mu Bayuda dukorana ivy’Ubwami bw’Imana, kandi bambereye indemeshanyo ikomeye cane.
Kuko hari abantu benshi b’abagarariji, bavuga ibitagira ikimazi kandi babesha, kandi no mu bakebwe bakaba barimwo.