Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 11:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Azokuzanira ubutumwa buzogukizanya n’abo mu nzu yawe bose.’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 azokubarira amajambo yo kugukizanya n’abo mu nzu yawe bose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 11:14
30 Referans Kwoze  

We n’abo mu nzu yiwe bamaze kubatizwa, aca aradutumira iwe avuga ati: “Nimba mubona ko ndi uwizera Umwami Yesu, nimuze mube iwanje.” Nuko aratugobera gushika twemeye.


Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.”


Ari kumwe na Simoni, akora ivyo gutunganya insato, inzu yiwe iri ku nkengera y’ikiyaga.”


We n’umuryango wiwe bari bariyeguriye kwubaha Imana. Yaratanga ivyiwe abifashisha aboro, kandi agasenga cane yamizako.


Kuko iryo sezerano ari iryanyu, n’iry’abana banyu, n’iry’abari kure bose, abazohamagarwa n’Umwami Imana yacu bose.”


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


Kandi ndazi ko ivyo ategeka bizana ubugingo budashira. Ivyo mvuga ndabivuga nk’uko Data yabintegetse.”


Mpwemu w’Imana ni we atanga ubugingo, umuntu nta co yokwishoboza. Amajambo nababwiye arimwo impwemu kandi ni ubugingo.


Se w’umwana aca asanga hari kuri ya saha Yesu yamubwira ati: “Umwana wawe ni muzima.” Nuko aca yizera Yesu we n’abo mu nzu yiwe bose.


Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”


Uwizera wese akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azocirwa urubanza.


(Egome narabatije n’abo mu muryago wa Setefana, ariko atari abo, sinibuka ko hari uwundi muntu n’umwe noba narabatije.)


Kirisipo, umukuru w’isinagogi n’abo mu nzu yiwe bose bizera Umwami Imana, kandi ab’i Korinto benshi bumvirije Pawulo barizera, bongera barabatizwa.


Abavugishwa n’Imana bose baramushingira intahe ko uwumwizeye wese azoharirwa ivyaha mw’izina ryiwe.”


Simoni Petero aramwishura ati: “Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira!


na we aca atubwira ko yabonye umumarayika ahagaze mu nzu iwe amubwira ati: ‘Rungika abantu i Yopa bazane umuntu yitwa Simoni ari we Petero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite