Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 11:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 na we aca atubwira ko yabonye umumarayika ahagaze mu nzu iwe amubwira ati: ‘Rungika abantu i Yopa bazane umuntu yitwa Simoni ari we Petero.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Atwīgānira ingene yabonye umumarayika mu nzu yiwe, ahagaze amubarira, ati Tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 11:13
11 Referans Kwoze  

Ni ho Petero yatora akenge, avuga ati: “Ubu rero ndamenye vy’ukuri ko Umwami Imana yarungitse umumarayika kundokora mu vyara vya Herode n’ivyo Abayuda bari bateguye kungirira vyose.”


Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.”


Petero aca amara imisi myinshi i Yopa kwa Simoni, yakora ivyo gutunganya insato.


Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?


Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene.


Kubera i Luda n’i Yopa hari hegeranye, abigishwa b’i Yopa bumvise ko Petero ari i Luda, bamutumako abagabo babiri bati: “Turakwinginze ushike iwacu udatevye.”


Maze iyo nkuru ica yamamara i Yopa hose, kandi abantu benshi bizera Umwami Yesu.


Mpwemu Yera ambarira ko nojana na bo ntakekeranije. Aba bene Data batandatu baramperekeje i Kayisariya, maze twese twinjira kwa Koruneliyo,


Azokuzanira ubutumwa buzogukizanya n’abo mu nzu yawe bose.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite