Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 11:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Mpwemu Yera ambarira ko nojana na bo ntakekeranije. Aba bene Data batandatu baramperekeje i Kayisariya, maze twese twinjira kwa Koruneliyo,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi na bene Data aba, ukw ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y’uwo mugabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 11:12
17 Referans Kwoze  

Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: “Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande.”


Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana nk’abagororotsi imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.


turabinginze ngo ntimunyiganyige canke ngo muhagarike imitima kubera inyigisho womenga zivuye kuri twebwe (vyaba biciye mu buryo bwo kuvugishwa, canke amajambo canke ikete) zibabwira ko umusi w’Umwami wacu umaze gushika.


Nuko Petero aca arabakira ngo barare ngaho. Bukeye Petero ajana na bo, aherekejwe na bamwe bo mu bizera b’i Yopa.


Ntiyadutandukanije na bo, kuko yejeje imitima yabo kuko bizeye.


Abizera bari barakebwe bari bazananye na Petero batangazwa cane n’uko ingabire ya Mpwemu Yera yasutswe no ku Banyamahanga na bo,


Ariko Mpwemu w’ukuri niyaza, azobarongorera mu kuri kwose. Ntazovuga ivyo yigeneye; ahubwo azovuga ivyo yumvise gusa, kandi azobabwira ibigiye kuba.


Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: “Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera.


Mpwemu w’Imana n’umugeni baravuga bati: “Kaze.” N’uwumvise aya majambo wese avuge ati: “Kaze.” Uwunyotewe wese naze, kandi uwushaka wese naze anywe ku mazi y’ubugingo ku buntu.


Inyuma y’ibihari vyinshi, Petero ava hasi, arababwira ati: “Bene Bata, murazi ko mu minsi iheze Imana yantoranije muri mwebwe kugira ngo mbwire Abanyamahanga Ubutumwa Bwiza maze na bo bumve, hanyuma bizere.


Nuko baragenda batumwe na Mpwemu Yera, bamanuka i Seluwukiya, baca bafata ubwato buja mw’izinga rya Kupuro.


Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: “Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye.”


Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abizera (bashika nk’ijana na mirongo ibiri),


na we aca atubwira ko yabonye umumarayika ahagaze mu nzu iwe amubwira ati: ‘Rungika abantu i Yopa bazane umuntu yitwa Simoni ari we Petero.


Maze Bene Data baho bumvise ko dushitse, baca baraza badusanganirira kw’Isoko rya Apiyusi, abandi badusanga ku Nzu z’Ingenzi Zitatu. Pawulo ababonye ashima Imana kandi ararema mu mutima.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite