Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Bukeye, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ba bantu bakiri mu nzira bagira bashike i Yopa, Petero aduga ku gisenge c’inzu gusenga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Bukeye bg’aho, bakigenda, bari hafi gushika mu gisagara, Petero yūrira hejuru ku nzu gusenga, hāri nk’isaha zitandatu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:9
19 Referans Kwoze  

hanyuma natwe duheze twiyegurire igikorwa co gusenga no kwigisha Ijambo ry’Imana.”


Ahejeje kubasezera, aca aduga ku musozi gusenga.


Mu gitondo ca kare butaraca, Yesu aravyuka, arasohoka aja gusengera mu ahantu hiherereye.


Kuva isaha zitandatu z’umurango kugeza isaha y’icenda, haba umwijima, utwikira igihugu cose.


Uwuzoba ari hejuru ku nzu, ntaze asubire mu nzu kurondera ivyo ahungana.


Maze baja mu murima wiwe. Nyene umurima yongera aragenda nk’isaha zitandatu n’isaha icenda, akora kwa kundi nyene.


Ariko, wewe ugomvye gusenga, winjire mu cumba cawe, wugare umuryango, hanyuma usenge. So wo mw’ijuru, we abona ivyo mw’ibanga, azobiguhembera.


Ndashaka ko abagabo aho bari hose basenga badugije ibiganza vyera, bataratse, batagira ibihari.


Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose.


Umusi umwe, hari nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, yerekwa abona mu buryo bugarara umumarayika w’Imana yinjiye aho ari, akavuga ati: “Koruneliyo!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite