Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we amaze kuzuka mu bapfuye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 s’imbere y’abantu bose, arikw imbere y’ivyabona vyatoranijwe n’Imana ivyo bitarabaho, ni twebge, abāsangira na we, turya kandi tunywa, amaze kuzuka mu bapfuye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:41
15 Referans Kwoze  

Nuko Yuda (atari Isikariyote) aramubaza ati: “Mwami, ni kuki ushaka kwihishurira twebwe, aho kwihishurira isi?”


Nuko Yesu arabegera, abagaburira wa mukate, abaha n’ifi.


ni we Mpwemu w’ukuri. Isi ntishobora kumwakira, kuko itamubona kandi itamuzi. Ariko mwebwe muramuzi, kuko abana namwe kandi azoba muri mwebwe.


Natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda n’i Yerusalemu. Yishwe abambwe ku musaraba,


hanyuma amara imisi myinshi yiyereka abagendanye na we kuva i Galilaya gushika i Yerusalemu. Ubu ni bo bariko baramushingira intahe mu bwoko bwacu.


uhereye igihe yabatizwa na Yohana, gushika igihe yaduzwa mw’ijuru. Uwo azoheza abe icabona kimwe muri twebwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.”


Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.


Bicaye bagira bafungure, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubahereza.


Namwe muri ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, ariko mwebwe muzombona, kandi ko ndiho, namwe muzobaho.


Kandi namwe muzonshingira intahe, kuko mwabanye nanje kuva mu ntango y’igikorwa canje.


Umusi umwe, abigishwa bakoraniye hamwe, Yesu abaha iri tegeko ati: “Ntimuve i Yerusalemu, ariko murindire gushika Data abarungikiye ingabire yabasezeraniye, imwe nababwira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite