Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:38 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:38
40 Referans Kwoze  

“Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, kuko yansize amavuta ngo mbwire aboro Ubutumwa Bwiza. Yantumye kurekura imbohe ngo zidegemvye, guhumura amaso y’impumyi, kurekura abacinyijwe ngo bidegemvye,


Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.


Uwo Imana yatumye avuga amajambo y’Imana, kuko Imana imuha Mpwemu itamupimiye.


Wakunze ubugororotsi, wanka ikibi; ni co gituma Imana, ari yo Mana yawe, yagutoranije, ikagusiga amavuta y’umunezero, ikakurutisha bagenzawe.”


Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”


Ariko nimba ari Mpwemu w’Imana anshoboza kwirukana abadayimoni, Ubwami bw’Imana bwashitse muri mwebwe.


Mpwemu Yera amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma. Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri umwana wanje nkunda kandi urampimbara.”


ariko Yesu arababwira ati: “Ko nakoreye imbere yanyu ibikorwa vyiza vyinshi ndabitumwe na Data, none ni ikihe muri ivyo gitumye mugomba kuntera amabuye?”


Igihe kiri hafi kandi kirashitse, aho mugiye gushwiragira, umwe wese afate inzira yiwe, munsige jenyene. Ariko sindi jenyene kuko Data ari kumwe nanje.


Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.


Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”


Hanyuma Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose yigisha mu masinagogi yabo, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza ubumuga bwose n’ingwara zose.


Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.


Bariko baramuzana, ya dayimoni imukubita hasi iramujegeza. Ariko Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se.


Yesu abimenye aca ava ngaho, maze abantu benshi baramukurikira hanyuma akiza abarwaye bose bari muri bo,


Maze atangazwa cane n’ukutizera kwabo. Nuko Yesu agendagenda yigisha, ava mu mihana aja mu yindi.


Nuko baca baja mu yindi mihana.


Murazi ivyabaye i Yudaya hose, uhereye i Galilaya inyuma y’umubatizo Yohana yigisha;


Ariko mwebwe Kristo yabahaye Mpwemu Yera, ni co gituma mwese muzi ukuri.


Yesu aca arahaguruka ajana na we n’abigishwa biwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite