Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Nuko rero Petero aherako aravuga ati: “Ubu rero ni ho nkimenya vy’ukuri ko Imana idatoranya abantu ku butoni,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Petero yanzika kuvuga, ati N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:34
23 Referans Kwoze  

Kuko Imana idahengama ngo igire abo ikunda n’abo yanka.


Uwukora ikibi azohembwa ikibi, kuko Imana idaca urwa nkunzi.


Mwibuke ko Data wo mw’ijuru, uwo musenga, adaca urwa nkunzi, hanyuma bitume mubaho muyitinya kandi muyubaha mu gihe musigaje kuba kuri ino si mubako nk’ingenzi.


Namwe ba shebuja, mugirire abagurano banyu nk’uko nyene. Ntimubatere ubwoba, kuko muzi yuko Shebuja wabo ari we wanyu ari mw’ijuru, kandi ko atarobanura abantu ku butoni.


Ba bantu babaza Yesu bati: “Mwigisha, turazi ko uvuga kandi wigisha ivy’ukuri. Nta ho uhengamira, kandi wigisha inzira y’Imana mu kuri kwose.


Ariko, nimwaba mukirobanura abantu ku butoni, muzoba mucumuye kandi mutsinzwe n’urubanza rw’uko murenga ku vyagezwe.


Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.


Abarongozi b’imbere mw’ishengero nta co bari bafise bongera ku butumwa navuga. Kandi icubahiro cabo nta co cari kimbariye, kuko nzi ko Imana itarobanura abantu ku butoni.


mbega ntimuba mwiciyemwo ibice hagati yanyu kandi mugaca imanza mufise intumbero mbi?


Barungika bamwe mu bigishwa babo bari kumwe n’abashigikiye Herode Antipa. Baramubwira bati: “Mwigisha, turazi ko utunganye, kandi ko wigisha inzira ihimbara Imana mu kuri kwose. Ntuhengamira ku ruhande na rumwe kuko utarobanura abantu ufatiye ku cubahiro cabo.


aca atangura kubigisha. Arababwira ati:


Filipo aca ahera kuri ivyo vyanditswe nyene, amubwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu.


Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose.”


Ntiyadutandukanije na bo, kuko yejeje imitima yabo kuko bizeye.


Mbega, Imana ni iy’Abayuda gusa? Si n’iy’Abanyamahanga na bo? Egome, ni iy’Abanyamahanga na bo nyene.


Bene Data, abizera Umwami wacu w’ubwiza Yesu Kristo, ntibarobanura ku butoni.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite