Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Umusi umwe, hari nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, yerekwa abona mu buryo bugarara umumarayika w’Imana yinjiye aho ari, akavuga ati: “Koruneliyo!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:3
23 Referans Kwoze  

Umusi umwe Petero na Yohana bari baduze mu rusengero gusenga, hari kw’isaha y’icenda.


Ariko mw’ijoro, umumarayika w’Umwami Imana yugurura imiryango y’ibohero, arabasohora.


Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?


Ibi vyerekana ko Umwana aruta cane abamarayika, nk’uko izina Imana yamuhaye riruta amazina yabo.


Muri iri joro nyene, umumarayika w’Imana nitirirwa kandi nkorera, yampagaze i ruhande


na we aca atubwira ko yabonye umumarayika ahagaze mu nzu iwe amubwira ati: ‘Rungika abantu i Yopa bazane umuntu yitwa Simoni ari we Petero.


Koruneliyo aramwishura ati: “Haciye imisi itatu, nari iwanje ndiko ndasenga, hari nk’igihe c’isaha icenda. Hanyuma mbona umuntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze imbere yanje


Petero akiriko ariyumvira kuri bimwe yerekwa, Mpwemu Yera aramubwira ati: “Simoni, hari abantu batatu bariko barakurondera.


Petero akiriko ariyumvira insobanuro y’ivyo yeretswe, ba bantu bavuye kwa Koruneliyo baba barashitse kuri ya nzu ya Simoni, bahagarara kw’irembo.


I Damasiko hari umwigishwa wa Yesu yitwa Ananiya. Maze Umwami Yesu amwiyereka mu nzozi, aramuhamagara ati: “Ananiya!” Na we arishura ati: “Sabwe Mwami!”


Maze agwa hasi, yumva ijwi rimubwira riti: “Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki?”


Ubwo nyene haca haboneka ingabo nyinshi cane zo mw’ijuru zifatanya n’uwo mumarayika, zihimbaza Imana ziti:


Maze umumarayika w’Umwami Imana yiyereka Zakariya, ahagaze i buryo bw’igicaniro bacanirako ibimota neza.


Isaha y’icenda igira ishike, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eli, Eli, lema sabakitani?” (bisobanurwa ngo: “Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?”).


Bukeye, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ba bantu bakiri mu nzira bagira bashike i Yopa, Petero aduga ku gisenge c’inzu gusenga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite