Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Aca arababwira ati: “Murazi neza ko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umunyamahanga canke ngo amugendere. Ariko Imana yanyeretse ko ntakwiye gufata umuntu n’umwe nk’uwuhumanye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 arababgira, at’ Ubganyu murazi yuko kizira k’umuntu w’Umuyuda yifatanya n’uw’ ubundi bgoko, canke kw amugendera: ariko jeho, Imana yanyeretse yuko hatogira umuntu nita ikizira cank’ igihumanya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:28
15 Referans Kwoze  

Wa Musamariyakazi aramubwira ati: “Wewe uri Umuyuda nanje ndi Umusamariyakazi. Bigenda gute ngo unsabe amazi yo kunywa?” (Mu bisanzwe, Abayuda n’Abasamariya baranenana.)


Rya jwi ryongera kuvuga ubwa kabiri rivuye mw’ijuru riti: ‘Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.’


Urubanza rwa Yesu imbere ya Kayafa rwaheze kare mu gitondo. Mu nyuma baciye bamujana ku kirimba c’uwaserukira ubwami bw’Abaroma. Ariko abakuru b’Abayuda ntibinjiye kuko banka kwihumanya kugira ngo bashobore guhimbaza umusi mukuru wa Pasika.


Muri ako kanya, abigishwa biwe baragaruka, maze batangazwa cane no kubona Yesu ariko aravugana n’umugore. Ariko ntihagira uwubahuka kumubaza ati: “Ushaka iki?” canke ati: “Ni kuki uvugana n’uwo mugore?”


Wa Mufarisayo ahagarara ukwiwe, asenga avuga ati: ‘Mana ndagushima ko ntameze nk’abandi: abasuma, inkozi z’ikibi, abasambanyi, kandi simeze nk’urya mutozakori.


maze babona bamwe mu bigishwa biwe bafungura kandi amaboko yabo ahumanye, ni ukuvuga batakaravye nk’uko umugenzo wabitegeka.


Ni co gituma igihe mwantumako nemeye kuza ntahigimanze. Nagomba rero kubaza icatumye muntumako.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite