Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Nuko Petero aca arabakira ngo barare ngaho. Bukeye Petero ajana na bo, aherekejwe na bamwe bo mu bizera b’i Yopa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Maz’ arabinjiza, abaha indāro. Bukeye bg’aho, Petero arīkora, avanayo na bo, na bene Data bamwe b’i Yopa bajana na we.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:23
16 Referans Kwoze  

Mpwemu Yera ambarira ko nojana na bo ntakekeranije. Aba bene Data batandatu baramperekeje i Kayisariya, maze twese twinjira kwa Koruneliyo,


Abizera bari barakebwe bari bazananye na Petero batangazwa cane n’uko ingabire ya Mpwemu Yera yasutswe no ku Banyamahanga na bo,


Mwakirane mu rukundo ata kwidodomba.


Ntimwibagire kwakirana urukundo ingenzi, kuko bamwe mu babikoze bakiriye abamarayika batabizi.


Kuko twipfuza kubikora neza mu bwizigirwa, atari imbere y’Imana, ariko no mu maso y’abantu.


Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose.”


Ni co gituma igihe mwantumako nemeye kuza ntahigimanze. Nagomba rero kubaza icatumye muntumako.”


Maze iyo nkuru ica yamamara i Yopa hose, kandi abantu benshi bizera Umwami Yesu.


Kubera i Luda n’i Yopa hari hegeranye, abigishwa b’i Yopa bumvise ko Petero ari i Luda, bamutumako abagabo babiri bati: “Turakwinginze ushike iwacu udatevye.”


Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abizera (bashika nk’ijana na mirongo ibiri),


Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene.


Maze Bene Data baho bumvise ko dushitse, baca baraza badusanganirira kw’Isoko rya Apiyusi, abandi badusanga ku Nzu z’Ingenzi Zitatu. Pawulo ababonye ashima Imana kandi ararema mu mutima.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite