Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 We n’umuryango wiwe bari bariyeguriye kwubaha Imana. Yaratanga ivyiwe abifashisha aboro, kandi agasenga cane yamizako.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasība.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:2
51 Referans Kwoze  

Koruneliyo na we amuhanga amaso yuzuye ubwoba, aramubaza ati: “Ni iki ga Mwami?” Wa mumarayika aramwishura ati: “Amasengesho yawe n’ibikorwa vyawe vy’imbazi vyaduze biba nkishikanwa ry’icibutso imbere y’Imana.


Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.”


Pawulo ahagurutse, arabamama ngo bacereze, arababwira ati: “Yemwe Bisirayeli namwe Banyamahanga mwubaha Imana, muntege amatwi!


ariko ko mu mahanga yose umuntu wese ayubaha agakora ibigororotse imwemera.


Wa mumarayika baganira amaze kugenda, Koruneliyo aca ahamagara babiri mu bakozi bari kumwe n’umusoda yubaha Imana, yari umwe mu bamugendanira.


Abantu bubaha Imana baraza bahamba Sitefano, baramugandarira cane.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, ngo aheshe icubahiro izina ryawe? Ni wewe wenyene wera. Amahanga yose azoza, apfukame imbere yawe agusenge, kuko ibikorwa vyawe vy’ukugororoka vyaramenyekanye.”


Kirisipo, umukuru w’isinagogi n’abo mu nzu yiwe bose bizera Umwami Imana, kandi ab’i Korinto benshi bumvirije Pawulo barizera, bongera barabatizwa.


Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe.


I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we.


Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.


Mushishikarire gusenga, mube maso kandi mushima.


Muri ico gisagara hariho umuntu yitwa Ananiya. Yari umuntu yubaha Imana, akitondera ivyagezwe, kandi Abayuda bose baho bamushingira intahe nziza.


Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, hamwe n’abagabo baganza igisagara, batangura guhama Pawulo na Baranaba, babirukana muri iyo ntara.


ambarira ati: ‘Koruneliyo, Imana yumvise amasengesho yawe, kandi yibutse n’ibikorwa vyawe vy’imbabazi.


Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene.


Mu nyuma ishengero ry’i Yudaya, i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirakomera, rigendera mu kwubaha Umwami Imana, ryongera riragwira ryiruwe na Mpwemu Yera.


Umwami Yesu aramubwira ati: “Haguruka uje kw’Ibarabara Rigororotse, ushitse i muhira kwa Yuda, ubaze umugabo yitwa Sawuli ava i Taruso, kuko ariko arasenga.


Yesu aca abacira umugani, kugira ngo abereke ko bakwiye kwama basenga, ntibadendebukirwe.


Kandi hariho Abayuda benshi bubaha Imana bari i Yerusalemu, bari baje bava mu mahanga yo musi y’ijuru.


Azokuzanira ubutumwa buzogukizanya n’abo mu nzu yawe bose.’


N’uwahawe zibiri aragenda abigira gutyo nyene, yunguka izindi zibiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite