Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Rya jwi ryongera kumubwira ubwa kabiri riti: “Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Iryo jwi risubira kuza ubugira kabiri, riramubarira, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:15
17 Referans Kwoze  

Muze murye inyama izo ari zo zose zashowe mu kaguriro, ata co murinze kuzibazako,


Icinjira mu kanwa k’umuntu, si co kimuhumanya. Ariko ikiva mu kanwa kiwe, ni co kimuhumanya.”


Nta kintu gihumanye ku bafise imitima idahumanye. Ariko ku bahumanye kandi batizera, nta kidahumanye, kuko ubwenge bwabo n’ivyiyumviro vyabo vyarononekaye.


Kuko ntibija mu mutima wiwe, ahubwo bija mu nda yiwe, hanyuma bigasohoka.” (Mu kuvuga ibi, Yesu yariko yerekana ko ata vyokurya bihumanya.)


Ndazi neza ntakekeranya, nemejwe n’Umwami Yesu, ko ata kintu na kimwe gihumanye ubwaco. Ariko nimba hariho umuntu yiyumvira ko ikintu kanaka gihumanye, ico kintu gicika igihumanye kuri we.


Aca arababwira ati: “Murazi neza ko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umunyamahanga canke ngo amugendere. Ariko Imana yanyeretse ko ntakwiye gufata umuntu n’umwe nk’uwuhumanye.


Rya jwi ryongera kuvuga ubwa kabiri rivuye mw’ijuru riti: ‘Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.’


Ntugasambure igikorwa c’Imana kubera ivyokurya. Mu vy’ukuri, nta co kurya na kimwe gihumanye, ariko ni bibi kurya indya zituma mwene Data wundi agwa mu caha.


Ahubwo dukwiye kubandikira, tukabwira ko bokwirinda kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, bakirinda ingeso mbi z’ubusambanyi, kutarya ibikoko vyanizwe, n’amaraso.


Ntiyadutandukanije na bo, kuko yejeje imitima yabo kuko bizeye.


Muze mwirinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, kandi mwirinde ingeso mbi z’ubusambanyi. Nimwavyirinda muzoba mugize neza. Turabasezeye.


Izo nzabibu ziganirwa mu bwato buri inyuma y’igisagara, amaraso yazo araduga gushika ku minwa y’amafarasi, yongera arasanzara gushika nko ku birometero amajana atatu.


Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite