Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 1:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Bakirangamije mu kirere baraba ingene aduga, haboneka abagabo babiri bambaye amakanzu yera, bahagarara i ruhande yabo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Bagihanze amaso mw ijuru akigenda, abagabo babiri bambaye impuzu zera bahagarara i ruhande yabo;

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 1:10
12 Referans Kwoze  

Bakizazaniwe haca haboneka abagabo babiri bambaye impuzu zica ibibatsi, bahagarara i ruhande yabo.


abona abamarayika babiri bambaye impuzu zera, bicaye aho ikiziga ca Yesu cari kiryamye, umwe ahari umutwe, uwundi ahari ibirenge.


Nca ndamwishura nti: “Nyakwubahwa, ni we wobimenya.” Aca avuga ati: “Aba ni abavuye muri rya hamwa rikomeye, bamesuye amakanzu yabo, bayezesha amaraso ya wa Mwagazi.


Binjiye mu mva, babona umuntu asa n’umusore yambaye ikanzu yera cane, yicaye ku ruhande rw’i buryo, maze bagira ubwoba.


Koruneliyo aramwishura ati: “Haciye imisi itatu, nari iwanje ndiko ndasenga, hari nk’igihe c’isaha icenda. Hanyuma mbona umuntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze imbere yanje


Mu maso hiwe hasa n’umuravyo, kandi impuzu ziwe zarera derere.


Bari ngaho, akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe zica ibibatsi kandi zera derere kurya kw’umuco.


Ariko uracafise abantu bakeya i Sarudi batanduje impuzu zabo. Abo bazogendana nanje bambaye imyambaro yera kuko birababereye.


Umusi umwe, hari nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, yerekwa abona mu buryo bugarara umumarayika w’Imana yinjiye aho ari, akavuga ati: “Koruneliyo!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite