Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nuko izo nzige zitegekwa kutonona ivyatsi, ibiterwa canke ibiti, ariko zitegekwa kubabaza ababa kw’isi bose badafise ikimenyetso c’Imana ku ruhanga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Zibgirwa kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw isi cank’ ikintu cose kibisi cank’ igiti cose, atar’ abantu batādomwekw ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:4
15 Referans Kwoze  

Hanyuma nca mbona Umwagazi w’intama ahagaze ku musozi Siyoni, ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bari banditseko izina ryiwe n’irya Se mu ruhanga.


Umumarayika wa mbere avugije inzamba yiwe, urubura n’umuriro bivanze n’amaraso bica bisukwa kw’isi. Maze ica gatatu c’isi, ica gatatu c’ibiti n’ica gatatu c’ivyatsi birasha.


Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze kiti: “Ikiro kimwe c’ingano kizogurwa impembo y’umusi wose, ibiro bitatu vya sayiri bizogurwa impembo y’umusi wose. Ariko ntihagire ico mugira amavuta n’umuvinyu.”


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.


Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Inyuma y’ivyo mbona abamarayika bane bahagaze mu mpande zine z’isi, batangiriye imiyaga ine yo kw’isi, kugira ngo babuze umuyaga guhuhuta kw’isi canke ku kiyaga canke ku biti.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite