Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Nuko ica gatatu c’abari kw’isi bicwa n’ivyago bitatu vy’umuriro, umwotsi, n’ibizuku vyava mu kanwa k’ayo mafarasi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw ari bitatu, umuriro n’umwotsi n’amazuku, bivuye mu kanwa kayo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:18
9 Referans Kwoze  

Ndiko nderekwa, mbona ayo mafarasi n’abayagenderako. Bari bitwaje inkinzo zitukura, izisa n’ubururu, hamwe n’izisa n’umuhondo. Ayo mafarasi yari afise imitwe nk’iy’intambwe, kandi mu kanwa hayo havayo umuriro, umwotsi n’ibizuku.


Nuko ba bamarayika bane bararekurwa. Bari bateguriwe iyo saha, uwo musi, uko kwezi, uwo mwaka nyene, kugira ngo bice ica gatatu c’abantu bari kw’isi.


Umumarayika wa mbere avugije inzamba yiwe, urubura n’umuriro bivanze n’amaraso bica bisukwa kw’isi. Maze ica gatatu c’isi, ica gatatu c’ibiti n’ica gatatu c’ivyatsi birasha.


Umumarayika wa kabiri avugije inzamba yiwe, ikintu kimeze nk’umusozi waka umuriro, gitabwa mu kiyaga. Maze ica gatatu c’ikiyaga gica gihinduka amaraso,


Ica gatatu c’ibiba mu kiyaga bica birapfa, n’ica gatatu c’ubwato burasambuka.


Umumarayika wa gatatu avugije inzamba yiwe, ikinyenyeri kinini caka nk’itara kirakoroka kivuye kw’ijuru, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi n’amasoko y’amazi.


Izina ry’ico kinyenyeri ni Mururazi. Maze ica gatatu c’amazi yose aca ahinduka umururazi, kandi abantu benshi banyoye ayo mazi y’umururazi barapfa.


Umumarayika wa kane avugije inzamba yiwe, Imana ica ikubita ica gatatu c’izuba n’ica gatatu c’ukwezi n’ic’inyenyeri maze umuco wavyo uca uhinduka umwijima. Bica bituma ica gatatu c’umusi n’ica gatatu c’ijoro na vyo bihinduka umwijima.


Ububasha bw’ayo mafarasi bwari mu kanwa no mu mirizo vyayo; kuko imirizo yayo yari ifise imitwe nk’iy’inzoka kandi yari ifise ububasha bwo gukomeretsa abantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite