Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ndiko nderekwa, mbona ayo mafarasi n’abayagenderako. Bari bitwaje inkinzo zitukura, izisa n’ubururu, hamwe n’izisa n’umuhondo. Ayo mafarasi yari afise imitwe nk’iy’intambwe, kandi mu kanwa hayo havayo umuriro, umwotsi n’ibizuku.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikīngira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku: imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’ intambge, mu kanwa kayo havamw’ umuriro n’umwotsi n’amazuku.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:17
16 Referans Kwoze  

Nuko ica gatatu c’abari kw’isi bicwa n’ivyago bitatu vy’umuriro, umwotsi, n’ibizuku vyava mu kanwa k’ayo mafarasi.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana, wasutswe mu gikombe c’ubushangashirwe bw’Imana utavanze. Azobabarizwa mu muriro n’ibizuku vyaka imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.


Nihagira uwugerageza kubakorera ikibi, umuriro uzova mu kanwa kabo uturire abansi babo. Uko ni ko uwuzogerageza kubakorera ikibi azopfa.


Mu bikiriza zari zambaye ivyuma vyo kuzikingira, kandi amababa yazo yavuza urwamo nk’urw’imikogote myinshi ikwegwa n’amafarasi aja ku rugamba.


irya gatanu sarudonikisi, irya gatandatu sarudiyo, iry’indwi kilusorito, iry’umunani berulo, iry’icenda topazi, iry’icumi kirusopuraso, iry’icumi na rimwe huwakinto, iry’icumi na kabiri ametusito.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite