Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 ribwira wa mumarayika wa gatandatu yari afise inzamba riti: “Rekura abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Efurata.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 ribarira umumarayika wa gatandatu afise inzamba, riti Bohora abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Efurate.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:14
12 Referans Kwoze  

Umumarayika wa gatandatu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu ruzi runini Efurata, amazi yarwo aca arakama, kugira ngo abami bo mu buseruko baronke aho bacisha ingabo zabo.


Nuko ba bamarayika bane bararekurwa. Bari bateguriwe iyo saha, uwo musi, uko kwezi, uwo mwaka nyene, kugira ngo bice ica gatatu c’abantu bari kw’isi.


Ba bamarayika indwi bafise inzamba baca baritegura kugira ngo bazivuze.


Inyuma y’ivyo mbona abamarayika bane bahagaze mu mpande zine z’isi, batangiriye imiyaga ine yo kw’isi, kugira ngo babuze umuyaga guhuhuta kw’isi canke ku kiyaga canke ku biti.


Nca mbona ba bamarayika indwi bahagaze imbere y’Imana bahawe inzamba indwi.


Nca mbona uwundi mumarayika avuye i burasirazuba, afise ikimenyetso c’Imana nzima. Aca arasemerera abwira ba bamarayika bane bahabwa ububasha bwo kwonona isi n’ikiyaga ati:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite